Amakuru
9 décembre 2023

Ntivyumvikana ko uwuserukira igihugu asaba ubuhungiro mu gihugu yakoreramwo (Ndayishimiye)

Abaserukira Uburundi mu makungu ngo bategerezwa gutaha mu gihugu cabo ikiringo cabo giheze. Ivyo vyashikirijwe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu, mu gihe yari mu mwiherero yagiranye ku munsi wa kane igenekerezo rya 7 Kigarama n’abaserukizi bose b’Uburundi mu makungu.