None ashaka iki ? Ko turyoherwa iyo abantu bariko baricwa bunyamaswa, banyuruzwa, n’iyo akarwi k’abantu banyonyeje amatungo y’igihugu ? Ivyo bibazo ni ivya Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye Urunani rw’imigambwe CFOR-Arusha. Aho ni inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye avuze ko Abarundi bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza amabi akorwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD ku wa gatandatu w’indwi iheze i Bruxelles ari abansi b’igihugu. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira, ngo nta n’umwe yigeze yanka ubwo butegetsi, ngo hankwa ayo mabi bukora.
Amakuru
24 février 2022