Amakuru
6 décembre 2022

Ntituzosubire kuvuga ko ubusamare bwacu ari ikosa riva ku mukoloni, twemange amakosa yacu

Harageze ko twemanga amakosa yacu. Igihe co gushira ivyo twononye ku gatwe k’umukoloni cararenganye. Ako ni akagohe ka Evariste Ndayishimiye. Umukuru w’Igihugu yabivuze ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, aho yariko yugurura icese ibiro bishasha vy’intara ya Kayanza. Agakebura Abarundi kudasubira guta umwanya ku vyabaye muri kahise.