Amakuru
15 novembre 2023

Ntibikiri ibanga, igisirikare c’Uburundi kirifatikanije n’urunani rurwanya umuhari M23

Bamwe mu basirikare b’Abarundi bafatiwe muri Congo n’umurwi M23 barigana uko bagiye barashikanwa ku butaka bwa Congo aho bagiye barafatirwa. Bamwe bakuwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu mwambaro w’igisirikare ca Congo, abandi na bo baciye mu Gatumba imbere y’uko barungikwa ku rubuga rw’intambara mu duce twa Kilorirwe na Kitchanga. Bose bahuriza ku butumwa bari bagiyeko, bavuga ko batumwe kurwanya Abanyarwanda. Bagasaba imiryango yabo n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ko bokwegera leta y’Uburundi bakayisaba kuganira n’umuhari M23 kugira barekurwe.