Amakuru
20 novembre 2021

Nta wovuga iterambere mu gihugu kitavugwamwo amafaranga y’agaciro

Ntibikiri agaseseshwa rumuri, amafaranga y’agaciro yarabaye umuzi w’ibuye mu Burundi kuva mu 2015 kandi ni ikibazo gisangiye Abarundi bose. Vyavuzwe na Tharcisse Rutumo, arongoye ibanki BCB, aho bari mu nama y’igihugu yiga kw’iterambere ry’Uburundi. Kuri we, ngo kimwe mu vyotuma ico kibazo gitorerwa inyishu ni uko Uburundi bwosubira mu gikorwa co gushora ibidandazwa hanze y’igihugu.