Amakuru
5 janvier 2021

Nta wokwizera ko ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse kwemera ko intahe igiye gusubirana ijambo mu Burundi bizoja mu ngiro

Nta wokwizera ko ivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse kwemera ko intahe igiye gusubirana ijambo mu Burundi bizoja mu ngiro. Bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA. Anschaire Nikoyagize arirongoye, akavuga ivyo afatiye ku bwicanyi bubandanya kuko ngo ahakiri ubwicanyi nta butungane buhabarizwa.