Amakuru
22 octobre 2021

Nta ntwaro rusangi ikivugwa mu Burundi n’aho Ndadaye arivyo yari yipfuje

Demokarasi mu gihugu c’Uburundi yarasubiye inyuma cane uravye ingene umuhisi Melchior Ndadaye yahoze atwara igihugu c’Uburundi yavyipfuza. Kuko Melchior Ndadaye yaharanira amahoro nyayo n’ugusonera agateka ka zina muntu. Ibi bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-ARUSHA. Akabivuga aho uno munsi kw’igenekerezo rya 21 Gitugutu ari umunsi Abarundi baramutse bibuka imyaka 28 iheze umuhisi Melchior Ndadaye agandaguwe. Frédéric Bamvuginyumvira akabona ko mu Burundi abatwara igihugu ubu bakirongora babanje kwiba amatora.