Amakuru
22 février 2024

Nta nsiguro n’imwe ihari yotuma harungikwa abasirikare b’Abarundi muri Congo (CFOR-Arusha)

Abarundi barakwiye kumenya inkuru zijanye n’abasirikare b’Abarundi barungikwa muri Congo. Ivyo bisabwa na CFOR-Arusha. Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, avuga ko Uburundi ata nyungu bufise mu kwita mu ntambara ya Congo. Akabona ko umukuru w’Igihugu c’Uburundi yarengeje urugero mu kwugara imipaka Uburundi busangiye n’Urwanda, kandi Congo ubwayo ata vyo yigeze ikora.