Amakuru
22 novembre 2021

Nta nsiguro n’imwe ihari kw’ihagarikwa rya Béatrice Nyamoya yafashwe ku wa gatandatu uheze

Urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi (CBDDH) rurasaba rushimitse irekurwa ata gisabwe ry’umushingwamanza Béatrice Nyamoya. Uwo asanzwe azwi nk’uwuharanira agateka k’abakenyezi, yahagaritswe ku munsi wa gatandatu uheze ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’abakozi b’iperereza. Ku bwa Vital Nshimirimana, arongoye urwo runani CBDDH, ihagarikwa ry’uwo mupfasoni riri mu ntumbero y’abategetsi b’Uburundi yo gutera ubwoba abaharanira agateka ka zina muntu mu gihugu.