Amakuru
23 novembre 2022

Nta na kimwe cerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi

Nta muntu n’umwe gushika uno munsi ariko arakorerwa amabi ajanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Bimenyeshwa n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Evariste Ndayishimiye akaba yariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru ba radiyo y’abafaransa RFI n’imboneshakure France24. Imvugo yuzuyemwo ibinyoma, ku bw’umuhari ligue Iteka uharanira agateka ka zina muntu. Uwo muhari ugafatira ku vyegeranyo vyawo bimaze kwerekana abantu barenga 70 bishwe kuva mu kwezi kwa cumi gushika uno munsi.