Amakuru
11 juin 2022

Nta mwanya wo guhimiriza abajejwe intwaro ukihari, hasigaye gushira mu ngiro ivyo bigishijwe

Umwanya wo kwigisha no guhimiriza abajejwe intwaro n’Abarundi muri rusangi, uriko urarengerana. Birihutirwa ko leta y’Uburundi ishira mu ngiro imigambi n’ibikorwa biyishigikira kugira igihugu gitere imbere. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye Ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Ni inyuma y’iminsi ibiri hibutswe imyaka ibiri iheze uwahoze ari umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza ashengeye, uwo munsi ukaba waranzwemwo inyigisho zitari nke. Ku bwa Faustin Ndikumana, ngo leta ikwiye kuja mu bikorwa nyezina.