Amakuru
18 août 2023

Nta muntu n’umwe akibuzwa kubikuza canke kubika amafaranga uko ashatse mw’ibanki

Umuntu wese arafise uburenganzira bwo gukura canke gushira mu bubiko bwiwe bw’ibanki amafaranga ashaka. Bivugwa na Bellarmin Bacinoni, ajejwe kumenyesha amakuru muri Banki nkuru y’igihugu. Abivuze mu gihe hari abakwiragiza ko hari amafaranga umuntu atarekuriwe kurenza haba kubika canke kubikuza. BRB igahumuriza Abarundi ko ubu amabanki yose atanga kandi yakira amafaranga uko ba nyeneyo bavyipfuza.