Amakuru
4 janvier 2021

Nta muntu azosubira kurenganywa n’ubutungane

Nta muntu azosubira kurenganywa n’ubutungane. Ivyo vyemejwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Yavyemeje igihe yariko ashikiriza ijambo ry’ukwipfuriza umwaka mwiza Abarundi. Kuri we ngo isubizwaho ry’intahe yo ku mugina n’isubirwamwo ry’inama nkuru y’ubutungane biriko bituma abanyagihugu batunganirizwa ata n’umwe arenganywa.