Nta mugambi witiriwe Simbananiye wo guhonya Abahutu wigeze ubaho. Bivugwa na Jean-Pierre Chrétien, umushakashatsi kuri kahise k’Uburundi. Avuga ko abavuze uwo mugambi Simbananiye ata kindi bafatiyeko kiretse ko Simbananiye yari umunyepolitike aciye ubwenge cane bagashaka gukwegerako kugira bice vyemerwa. Jean-Pierre Chrétien asigura ko ahubwo inyigisho zatanzwe ari izigisha ko Abatutsi atari Abarundi bavuye muri Misiri.
Amakuru
4 mai 2023