Amakuru
19 novembre 2022

Nta kwihenda ko hari igishobora guhinduka mu Burundi igihe cose CNDD-FDD izoba ikiri ku butegetsi

Nta wokwizera ko hari ico leta ya Gervais Ndirakobuca izohindura mu vyahora bikorwa kuri leta ya Alain Guillaume Bunyoni. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Avuga ko igihe cose umugambwe CNDD-FDD uzoba ukiri ku butegetsi, ata kizohinduka. Agasaba Abarundi kureka guhendwa n’amajambo yo kubaryosharyosha amaze igihe akoreshwa n’abategetsi, ahubwo bahaguruke biyamirize amabi CNDD-FDD idasiba kubakorera.