Amakuru
24 février 2024

Nta kuntu umuntu yiyubakiye ikibanza mw’isoko yocakwa kigahabwa uwumukoteye (JP Sinzinkayo)

Abantu bari bafise ibibanza mu masoko bavyatswe bigahabwa abo babihaye ngo bahadandarize barakwiye kubisubizwa. Bivugwa n’umushingamateka Jean Pierre Sinzinkayo. Hari kuri uyu wa 21 Ruhuhuma aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yari aramutse yishura ibibazo mu Nama nshingamateka. Martin Niteretse we abona ko ahubwo abadandaza bakota aho badandariza mu masoko barenganijwe kuva kera. Ibibanza bakoreramwo ari ivyabo.