Amakuru
9 mai 2024

Nta kindi gisabwa kugira leta itorere umuti ibibazo vy’igihugu atari ubushake gusa (PARCEM)

Inyishu ku bibazo bihanze Uburundi zirahari. Ikibazo ni uko ata bushake bwo kuzirondera buhari kubera inyungu z’aba na bariya. Ivyo vyerekanwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Faustin Ndikumana arasigura uko leta yovyifatamwo kugira ironke uburyo bukwiye bwo gukoresha kugira igihugu cisununure. Akavuga ko n’ibindi bihugu ari ko bibigenza. Ariko rero vyose kugira bishoboke bikava ku kungene intwaro itunganijwe. Faustin Ndikumana yabishikirije ku munsi wa gatatu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, inyuma y’aho umushikiranganji wa Mbere avugiye imbere y’abashingamateka ko ata nyishu abona ya vuba ku bibazo igihugu kirimwo.