Amakuru
15 septembre 2023

Nta kigongwe kizogirirwa uwo wese azofatanwa ibidandazwa vya magendo

Ibidandazwa vya magendo vyafashe umuvuduko urengeye. Leta ikaba igiye kubihagurukira kugira bihagarare. Umushikiranganji w’Umutekano avuga ko ata kigongwe uwuzofatwa ariko arabikora azokwigera agirirwa. Akaba yabivuze ku munsi wa gatatu aho yariko ahereza ikigo OBR kijejwe gutoza amakori ibidandazwa vya magendo vyafashwe mu ntara zitandukanye z’igihugu. Aho hari mu Gatumba, hamwe mu haca ivyo bidandazwa vyinshi. Ku bwa Martin Niteretse, urudandazwa rwa magendo rutuma abantu bose n’igihugu bahomba.