Amakuru
6 décembre 2023

Nta gikoresho co kwubaka kidakwije ivyangombwa kizosubira kwinjira mu Burundi (BBN)

Kuva kw’igenekerezo rya 1 Nzero umwaka w’2024, ibikoresho vy’ukwubaka bidakwije ivyangombwa ntibizoba bicemerewe kwinjira mu Burundi ngo bije kw’isoko. Vyamenyeshejwe na Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ikigo BBN kijejwe ubuziranenge. Akaba yabimenyesheje ku munsi wa mbere inyuma y’inama yagiranye n’abakorera muri ico gisata. Sévérin Sindayikengera amenyesha kandi ko BBN igiye kubandanya iharanira inyungu z’umunyagihugu kuko yasanze abadandaza bishakira kwironkera amafaranga gusa.