Umukuru w’igihugu yari akwiye gufata ingingo zikwiye zohumuriza impunzi kugira zitahuke. Akamo gaterwa n’umugambwe MSD mw’itangazo washize ahabona kuri uno wa mbere. François Nyamoya, umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe, yibutsa ko impunzi zitahunze umuyaga, ariko zahunze amabi bakorerwa n’abakorera ubutegetsi.
Amakuru
7 septembre 2021
