Amakuru
23 août 2022

Nta gihugu na kimwe gishobora gutera imbere kitaronse abanyamahanga bakizanamwo imitahe

Uburundi burakwiye kunagura imigenderanire n’amakungu nimba bukeneye gushika kw’iterambere. Uwu ni umwihwezo wa Janvier Nkurunziza, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba n’umwarimu wo muri za kaminuza. Hari mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yari yatunganijwe n’ibanki nkuru y’igihugu kuri uyu wa 19 Myandagaro. Hari ku civugo : « Ubutunzi kama soko y’iterambere ». Akavuga ko ikindi gitegerezwa gushirwamwo inguvu ari ukuresha abanyamitahe bo mu mahanga kugira baze mu Burundi.