Amakuru
6 janvier 2022

Nta gashirukabute kakiriho ku berekanye abinjiza ibidandazwa biciye mu kinywabi

Nta muntu azosubira kuronswa amafranga y’agahembo kubera yatanze amakuru yerekeye abanyuruza amatungo y’igihugu. Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yabimenyesheje mu kiganiro yaremesheje mu mpera z’umwaka waraye urangiye. Umukuru w’Igihugu yasavye Abarundi ko bobikora kubera gukunda igihugu ntibabe abacangero.