Amakuru
4 mars 2023

Nta co twokwitega ku mukuru w’Igihugu ashikiriza amajambo yo kwikundwakaza ku banyagihugu gusa

Amajambo yashikirijwe n’umukuru w’Igihugu ku bijanye n’abanyuruje amafaranga y’igihugu nta co afasha kugira bayagarukane. Ahubwo gashobora kuba ari akagohe yabakubitiye kugira bashobore kuyanyegeza kure. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani rwa politike CFOR-Arusha, akaba yahoze ari n’Icegera c’umukuru w’Igihugu. Ku bwiwe, ivyo ni ivyerekana ko ata mugambi n’umwe urashe yigeze yiyumvira mu bijanye no kugaruza ivyibwe na bamwe mu bo bafatanije kurongora igihugu. Bamvuginyumvira amuhanura ahubwo gukora akareka kwamiza mu kanwa amajambo yo kwiyamamaza ata co ariko aramarira igihugu. Evariste Ndayishimiye akaba yari yabishikirije ku munsi wa gatatu, igihe hugururwa ingoro nshasha y’amanama y’Inama nshingamateka.