Amakuru
8 mars 2024

Nta bwigenge umuryango wa Afrika ufise kugira utore umuti wa Congo (A. Rudatsimburwa)

Inama ijejwe umutekano n’amahoro mw’ishirahamwe ry’umuryango wa Afrika yiyerekana ko ari yo ibangamye mu kibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo. Bivugwa na Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru akaba akwirikiranira hafi ikibazo ca Congo. Akaba abishikirije inyuma y’aho iyo nama yerekanye ko ihengamiye ku ruhande rumwe mu matati y’Abanyecongo kandi yategerezwa kuja hagati igatora umuti w’ikibazo. Rudatsimburwa abona ko atari n’ubwa mbere, no mu mwaka uheze vyari vyabaye. Akabona ko bishobora kuba bifitaniye isano na bamwe mu bategetsi b’uwo muryango wa Afrika bafise ingeso yo kurya ibiturire.