Amakuru
21 mars 2024

Nta Barundi banezerewe uravye ingorane z’ubukene barimwo (Epitace Nshimirimana)

Uravye ubukene Abarundi bafise, nta mukuru w’Igihugu yari akwiye kuvuga y’uko Abarundi bose banezerewe. Bivugwa n’umuvugizi w’umugambwe MSD. Epitace Nshimirimana abivuze inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye yemeje ko Abarundi bose bahimbawe kiretse abagizwe abaja n’ubutegetsi bw’Urwanda. Asaba abegereye umukuru w’Igihugu kuraba ko ata yindi ngorane afise kuko bitumvikana uko yoshikiriza amajambo nk’ayo.