Amakuru
30 décembre 2020

Nimba abategetsi b’Uburundi bipfuza kuzoronswa icubahiro inyuma y’amabanga yabo, bari bakwiye kwubaha abandi ubu bakiri muri ayo mabanga

Nimba abategetsi b’Uburundi bipfuza kuzoronswa icubahiro inyuma y’amabanga yabo, bari bakwiye kwubaha abandi ubu bakiri muri ayo mabanga. Bari bakwiye guha icubahiro uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Buyoya mu gufasha umuryango wiwe kugira ashobore guhambwa mu Burundi yongere aronswe icubahiro c’abahoze barongoye uburundi. Bivugwa n’uwahoze arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura Isidore Rufyikiri, akabona ko mu gihe uwo yahoze arongoye uburundi yoba yari yarunguruje urubanza canke yari agisigaranye umwanya wo kwunguruza, yapfuye akiri umwere.