Amakuru
18 août 2023

Ni umubabaro mwinshi mu muhari MAP-Burundi Buhire, inyuma y’urupfu rwa Gérard Birantamije

Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu uribuka umwigisha wa kaminuza Gérard Birantamije aherutse gushengera ahitanywe n’indwara. Gérard Birantamije yari mu batanguje uwo muhari, akaba yari ajejwe gutunganya ibikorwa muri uwo muhari, akaba n’umuhanuzi mukuru w’abawurongoye. Ku bw’uwurongoye MAP-Burundi Buhire, ngo urupfu rwiwe ni uruhombo runini rubaye ku gihugu c’Uburundi. Emery Pacifique Igiraneza avuga ko amwibukira ku bwira n’ubukerebutsi mu bikorwa vyiwe no mu vyo yandika akanavuga ku bijanye na politike ku Burundi no mu karere, atibagiye ukwicisha bugufi n’ukwumviriza abandi vyamuranga.