Amakuru
8 juin 2022

Ni ugusamaza, isubirizwa ry’abakomiseri b’umurwi CVR nta co rije guhindura

Isubirizwa ry’abakomiseri 3 b’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR nta co rigiye guhindura ku bijanye n’ibikorwa vy’uwo murwi. Bivugwa na mwigisha Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Eka n’abasubirijwe nta co bari bamariye uwo murwi kuko bose bari mu ntumbero yo gushira mu ngiro imigambi y’umugambwe uri ku butegetsi. Akaba abishikirije inyuma y’aho ingingo y’umukuru w’Igihugu igeneye Stella Budiriganya, Laurent Kavakure na Sheikh Sadiki Kajandi ngo basubirire Léonce Ngabo, Déo Hakizimana na Ramadhan Karenga bahora muri uwo murwi. Integuro y’itegeko ikaba yaheruka gutorwa n’Inama nshingamateka.