Amakuru
26 juillet 2023

Ni ugukora ibishoboka kugira PNUD itange amafaranga asigaye ku mfashanyo y’2018-2023

Leta yiyemeje gukora ibishoboka kugira ihabwe ibice 60% bisigaye ku mafaranga y’imfashanyo ya PNUD y’ikiringo ca 2018-2023, kandi hasigaye amezi atanu gusa kugira igihe cayo gihere. Ico kibazo kikaba caraganiriweko n’abaserukira PNUD mu Burundi hamwe n’ubushikiranganji bw’Imigenderanire n’ayandi makungu mu bikorwa vyatunganijwe mu mpera z’indwi iheze i Gitega. Salomé Ndayisaba, umuhanuzi muri ubwo bushikiranganji, avuga ko hazotunganywa amanama y’imigambi ijanye n’ayo mafaranga kugira barabire hamwe uko ivyo vyoshoboka.