Amakuru
12 juillet 2023

Ni Rwasa nta wundi, aracari umukuru w’umugambwe CNL n’aho CNDD-FDD itabishaka

Ukutumvikana kuri hagati ya bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa kuri mu rukurikirane rw’ibindi bitero umugambwe uri ku butegetsi udasiba kugira kuri CNL. Na yo abaherutse kumenyesha ko Rwasa atakiri umukuru w’umugambwe ngo nta bubasha babifitiye kandi basanzwe baranakuwe mu mugambwe kubera inyifato mbi berekanye. Aimé Magera, aserukira uwo mugambwe ku mugabane wa Buraya, aremeza ko inzego zatowe mw’ikoraniro zikiri za zindi gushika hasubiye kuba irindi koraniro. Akagiriza umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD hamwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu kuba ari bo bariko barasambura umugambwe CNL.