Amakuru
12 mai 2022

Ni kuki Abarundi batarya ibifyera ? Ni uko ata nzara bafise

Nta nzara iri mu Burundi mu gihe abanyagihugu bataratangura kurya udukoko tumwe tumwe n’ivyatsi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari igihe yariko aratanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Rusama 2022. Umukuru w’Igihugu akaba yarateye akamo abanyagihugu kwijukira kudandaza kugira bibesheho babesheho n’imiryango yabo.