Amakuru
10 novembre 2021

Ni kubera iki umukuru w’igihugu ataherekejwe n’Abatimbo b’i Gishora?

Umurwi w’Abatimbo bo mu Gishora mu ntara ya Gitega ntibaramenya abategetsi bari inyuma y’ingingo yo kubasivya gufatana urugendo n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, urugendo rwabashikana muri Emirats Arabes Unis. Oscar Nahimana, arongoye uwo murwi w’Abatimbo, ababazwa n’amafranga yababa imiliyoni zitanu bari bamaze gukoresha nko mu kugura ibitabo vy’inzira, baca basanga basubirijwe n’uwundi murwi. Asaba ubushikiranganji bw’urwaruka n’imicokama gutanga umuco kuri ico kibazo.