Amakuru
15 novembre 2023

Ni iyihe nyungu Uburundi bufise mu kurungika abasirikare gupfira muri Congo ? (Bamvuginyumvira)

Ivyashikirijwe n’abasirikare b’Abarundi bafatiwe mu gihugu ca Congo n’abarwanyi b’umuhari M23 ni ivyerekana ko intwaro ya CNDD-FDD yamaze kwivanga mu ndyane z’Abanyecongo ku nyungu z’akarwi gato mu bategetsi b’Uburundi. Ni ko bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Akaba anegura ko n’abandi mu bafasha igisirikare ca Congo kurwanya uwo muhari bemeza ko bahawe igikorwa co guhonya Abatutsi no kubanyaga ivyabo. Bamvuginyumvira ahamagarira umukuru w’Igihugu c’Uburundi kuraba neza kuko iyo ntambara ishobora guteza ingorane nyinshi igihugu c’Uburundi. Agahamagarira n’umuryango wa Afrika gukurikiranira hafi ico kibazo amazi atararenga inkombe.