Amakuru
12 août 2024

Ni itegeko ko umwe wese akora ico ajejwe kugira amahoro agaruke muri Congo (P. Kagame)

Kuri uyu w’Imana itariki 11 Myandagaro, ni ho Paul Kagame yarahira kugira atangure ikiringo ciwe ca 4 co kurongora Urwanda. Ivyo birori bikaba vyarorerewe n’intumwa zirenga 40 zaje ziva mu bihugu bitandukanye vya Afrika, harimwo abakuru b’Ibihugu 22. Abibonekeje cane cane ko babuze bakaba bari abakuru b’ibihugu vy’Uburundi na Congo iharanira intwaro rusangi, kubera ibindi bihugu vyose vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko vyari vyaserukiwe. Ukwo kubura kwabo kukaba gushobora kuba gufitaniye isano n’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo. Ivyo na vyo Paul Kagame akaba yarabivuzeko cane mw’ijambo yashikirije. Akaba yasavye ko ari ngombwa ko umwe wese akora ico ajejwe kugira akarere kagire amahoro aramye.