Amakuru
22 février 2022

Ni intambwe ikomeye kubona umukuru w’Igihugu yemanga ubwicanyi bubera mu Burundi

Imiryango yaburiye ababo mu muriro waturiye ibohero rya Gitega irakwiye kwitura ubutungane kugira ngo haronderwe inyishu y’ico kibazo. Pierre Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe APRODH, amenyesha ko vyavuzwe na Evariste Ndayishimiye, aho yariko yishura ku kibazo kimwe mu vyo yari abajije. Hari kuri uyu wa gatandatu mu kiganiro yagiranye n’Abarundi baba mu Bubiligi.