Amakuru
20 janvier 2022

Ni inkuru nziza ku barimu, ikibazo bokoze carasubijwe inyuma mu kurindira ko haba ibiganiro

Ikibazo cari gitegekanijwe kugira hasuzumwe ubumenyi bw’abigisha kirabangiriwe mu kurindira ko haba ibiganiro hagati y’abo vyega. Ivyo biri mw’itangazo ryateweko umukono hagati y’ihuriro ry’amasendika y’abigisha COSSESONA, Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro (CNDS) hamwe n’ubushikiranganji bw’Indero. Vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri na Parfait Nkerabagenzi, umuhanuzi ajejwe ubuhinga mu murwi CNDS. Ihuriro ry’amasendika COSSESONA naryo rikaba ryafashe ingingo yo kudahagarika akazi nk’uko vyari bitegekanijwe.