Amakuru
28 octobre 2021

Ni inkuru nziza ko akarangamuntu k’Uburundi kagiye gukorwa mu buryo bwa none

Ikarata karangamuntu ikozwe mu buhinga bwa none igiye gutangura gukorwa mu Burundi. Martin Ninteretse, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, yabimenyesheje kuri uyu wa kabiri, inyuma y’inama yahuje abakozi bo muri ubwo bushikiranganji hamwe n’abarwizantunga b’Abanyamerika bafise ishirahamwe ryitwa IOHK risanzwe ari rurangiranwa mu buhinga bwa none. Abo barwizatunga bakaba bari babonanye n’umukuru w’igihugu mu kwezi guheze aho yari mu rugendo muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Ico gihe akaba yaciye abatumira kuzana imitahe yabo mu Burundi, abereka ko hari vyinshi bashobora gukora.