Amakuru
5 août 2023

Ni indongozi zikomoka muri CNDD-FDD zizizira ibibanza vyo mu masoko

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ufise uruhara runini mu kwigisha abanywanyi bawo ari bo bagize ahanini abategetsi n’abajejwe intwaro. Ni ko bibonwa n’uwurongoye ishirahamwe PARCEM. Aho ni inyuma y’imyidogo y’umukuru w’Igihugu yagiriza bamwe mu ndongozi bakoresheje nabi ibibanza baronse mu masoko ya leta. Ku bwa Faustin Ndikumana, abo bategetsi n’abajejwe intwaro ngo bishimikiza ibibanza bashizwemwo n’umugambwe bagaca bibaza ko borenga ku mategeko ahari uko bishakiye. Inyifato itegerezwa guhindurwa ku bwa Faustin Ndikumana, hamwe Uburundi bwoba bwipfuza iterambere.