Amakuru
30 décembre 2020

Ni ibiterasoni kubona uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya ashingurwa mu mahanga, Leta y’Uburundi ntiyigere isaba ko atahukanwa guhambwa mu gihugu ciwe c’amavukiro

Ni ibiterasoni kubona uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya ashingurwa mu mahanga, Leta y’Uburundi ntiyigere isaba ko atahukanwa guhambwa mu gihugu ciwe c’amavukiro. Muganga Alphonse Rugambarara bakoranye akirongoye igihugu, arasaba ko uyo munyacubahiro yotahukanwa gushingurwa mu gihugu yarongoye. Ni mu gihe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Kigarama, ariho hatunganywa ibirori vyo kumushingura mu gihugu ca Mali.