Amakuru
24 mars 2022

Ni ibisanzwe ko leta irengutswa mu butungane n’aho umukuru w’Igihugu atavyemera

Ngo ubutegetsi bw’Uburundi bufata abanyagihugu nk’uko batwara abantu mw’ishamba, bakabakorera ivyo bashaka aho umukuru yakurenganya ataho witwara. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu, inyuma y’aho umukuru w’Igihugu avuze ko ata wushobora kwitwarira leta ngo atsinde. Frédéric Bamvuginyumvira arongera akavuga kandi ko atari ikibazo c’uko batize, ariko ko ari ukuba batateguwe gutwara.