Amakuru
21 octobre 2023

Ni he hajanywe ibikoresho bakuye mu nzu yanje iri ku Mutanga Nord ? (Bernard Busokoza)

Ibintu vyose vyari mu nzu y’uwahoze ari icegera c’umukuru w’Igihugu Bernard Busokoza vyaratwawe bihagarikiwe n’umushikirizamanza kizigenza Léonard Manirakiza, hari ku munsi wa gatatu uheze. Gushika uno munsi, Bernard Busokoza akaba atazi iyo ivyiwe vyatwawe. Akaba ari mu buhungiro kuva mu 2015, inyuma y’aho ahunze ubutegetsi bwagomba kumufata yagirizwa kuba yarifadikanije n’abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza. Busokoza agasaba umukuru w’Igihugu kureka kurenganya abantu nk’uko yirirwa aravuga ko arwanya akarenganyo.