Amakuru
9 février 2023

Ni gute twozitira ntihaduke izindi ndyane mu Burundi ?

Indyane z’amoko ziriko zirahindura isura zerekeza mu ndyane hagati y’abatunzi n’abakene. Pierre Claver Nahimana, arongoye umugambwe Sahwanya-FRODEBU, atera akamo abategetsi b’igihugu ko hotunganywa inama rusangi yo kwiga ingene hoba gukinga ayandi matati avuye ku kudasangira neza ubutunzi bw’igihugu.