Abantu cumi na bane barapfuye mu munsi wa gatanu itariki 31 Ntwarante ku mutumba Gafumbegete wo muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke. Amakuru ava kuri uwo mutumba avuga ko bishwe n’amazi y’uruzi Rugogo yataye inzira bivuye ku mvura y’isegenya, abasanga mu binogo vyimbwamwo ubutare. Abanyagihugu bagasaba leta gutunganya neza ivyo bikorwa, mu ntumbero yo kwirinda impanuka.
Amakuru
3 avril 2023