Amakuru
4 mars 2023

Ni akamaramaza kubona leta idashobora gukoresha amafaranga yose iba yagenewe na Banki y’isi yose

Amafaranga arenga 220.000.000 z’amadolari Ibanki y’isi yari yageneye irangurwa ry’imigambi yari gukoreshwa mu mwaka w’2022-2023 yaragabanijwe aja ku madolari 180.000.000 ku mvo z’ugucerwa gushira mu ngiro imigambi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta kuri uyu wa kane mu nama y’ukuraba aho igice ca mbere c’umugambi w’2019-2023 w’ugufashanya hagati y’Ibanki y’isi yose n’Uburundi ugeze. Ku bw’umuhinga mu vy’ubutunzi, Faustin Ndikumana, ivyo ni akamaramaza.