Amakuru
24 février 2022

Ni akadenderezo, umugambwe CNL ntiwigeze uhonyoza ikirenge mu myiyerekano mu Bubiligi

Ngo nta myiyerekano yigeze itegurwa n’umugambwe CNL, nta n’umunywanyi wayo yagiye muri iyo myirekano yabereye mu Bubiligi. Vyashikirijwe na Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL, hari kuri uyu wa kabiri inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yagirije umugambwe arongoye kuba waragiye muri iyo myiyerekano. Iyi nkuru tuyikesha bagenzi bacu ba Radio-Télévision Isanganiro.