Amakuru
14 mai 2022

Ni agashinyaguro kubona umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahakana ko ata bukene buhari mu Burundi

Abarundi ico bari biteze kwari uko umukuru w’Igihugu avuga ivyokorwa kugira bave mu bukene barimwo. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umuyobozi nshigwabikorwa w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’Umutekano mu Burundi (MFFPS). Avuga ko umukuru w’Igihugu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, yashinyaguriye Abarundi kubona yavuze y’uko bahaze kandi badakenye.