Amakuru
8 septembre 2022

Ndirakobuca nta ho ataniye na Bunyoni mu mabi akomeye bakoreye Abarundi

Abaharanira agateka ka zina muntu bo babona ko ata mpinduka igiye kuba. Ku bwa Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC, ngo n’aho ikurwa rya Alain Guillaume Bunyoni ryerekanye ubushobozi bwa Evariste Ndayishimiye nk’umukuru w’Igihugu, ngo yari gushobora gutora neza uwumusubirira. Ngo kuko Gervais Ndirakobuca arangwa n’amabi menshi yakoreye Abarundi.