Amakuru
16 février 2024

Ndayishimiye yagiye muri Congo mu biganiro bijanye n’umutekano hamwe n’imigenderanire (R. Gatoni)

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yari yagiye mu gihugu ca Congo kugira ngo avugane na bamwe mu begwa n’amasezerano yo kugarukana amahoro, umutekano n’imigenderanire muri ico gihugu hamwe no mu karere. Ivyo vyashikirijwe na Rosine Guilène Gatoni, umuvugizi w’umukuru w’Igihugu ku munsi wa gatatu, igihe yari atahutse. Ivyavuye muri uwo mubonano ngo bikazovugwa mu nama y’abakuru b’Ibihugu bigize Ubumwe bwa Afrika itegekanijwe mu mpera z’ino ndwi.