Amakuru
3 janvier 2024

Ndayishimiye n’ubu yagiriza Urwanda guha indaro inkozi z’ikibi

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi arabandanya kwagiriza Urwanda ko ari rwo rubitse abakoze igitero muri zone Gatumba ku wa 22 Kigarama, igitero cahitanye abantu 20. Hari mw’ijambo yashikirije Abarundi mw’ijoro ryo ku wa 31 Kigarama, mu gusozera umwaka w’2023. Evariste Ndayishimiye avuga ko ubutegetsi bwiwe bugiye kwitura amakungu kugira Urwanda rugondozwe rushobore gutanga abakuru b’iyo mirwi y’abicanyi. Mw’itangazo Urwanda rwasohoye mu nyuma y’ayo majambo ya Ndayishimiye, rwaramenyesheje ko ivyo vyagiriji ata ho bifatiye, rusaba ko mu gihe cose hoba habaye ikibazo, vyoca mu nzira y’imigenderanire kugira batore inyishu mu mwumvikano