Amakuru
7 mars 2024

Ndayishimiye na Ramaphosa bimirije kuganira ku kibazo ca Congo (R.G. Gatoni)

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yaronse ubutumire bwa mugenzi we wa Afrika y’epfo Cyiril Ramaphosa. Mu bibazo bazoganirako hakaba harimwo ikibazo kijanye n’ingabo abo bakuru b’Ibihugu barungitse mu gihugu ca Congo, nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’umukuru w’Igihugu Rosine Guilène Gatoni. Ni igihe Evariste Ndayishimiye yakira intumwa idasanzwe y’umukuru w’Igihugu ca Afrika y’epfo ajejwe ibibazo vyo mu karere k’ibihugu vy’ibiyaga binini. Ndayishimiye akaba yemeye ko azokwitaba ubwo butumire kugira ashobore no guhimiriza abarwizatunga ngo bazane imitahe mu Burundi.